Sad News: Umuririmvyi akongera akaba umuvuzi w’ ivyombo vy’ umuziki “Yaya Murishi yaraye yitavye Imana
Mwijoro ryo ku wambere isaha zitanu (11pm) buca ari ku wakabiri, niho abapolisi bahamagawe n’ umubanyi yumvise amasasu mu gisagara ca Kansas City Missouri, basanze Yaya Murishi arambaraye mwibarabara, ntibamenya uwa murashe.
Inkuru ntiratomokerwa neza cane bivanye nuko arivyashitse giturumbuka, bibonekako bagiye gukurikirana ikesi yiwe kugira bamenye uwamurashe n’ impamvu vyavuyeko.
Yaya murishi asize abavyeyi biwe babiri (Nyina na Se) kandi yar’ umwana w’ inyakamwe, asize abavyeyi atabana basigaranye. Inkuru y’ urupfu rwiwe ibabaje benshi kuko yar’ umusore w’ ingeso nziza kandi yakunda umuziki cane agakunda no gukorera Imana abicishije mu ngabire yahawe yo kuririmba no gucuraranga.
Nitwaramuka tumenye vyinshi tuzobamenyesha. Ariko tubamenyeshe ko uwo muhisi yari yarakoranye ururirimbo n’ Intumwa y’ Imana Seth Kaburungu bise “NI KWA NEEMA” aho hari mu mwaka wi 2013 mu kwezi kwa cumi na kabiri (December). Urashobora kurondera urwo ruririmbo hano kuri site yacu canke kuri Youtube
You must be logged in to post a comment Login