Amahiganwa ya Shemeza Artist Award uno mwaka wa 2017 vyagaragaye kwagiye kuba!
Mu gihe mu mwaka uheze wa 2016 aho ikampuni ya Shemeza yakora Shemeza Artist Award 2016 ibikoreye kuri website, hagatsinda umuririmvyi “Eze Kwizera”, Shemeza igiz’ ati uno mwaka 2017 nkuko twasezeranye ko tuzoja tubikora buri mwaka, tugiye gushitsa isezerano kandi turishikanye n’ impinduka tugereranije n’ ivyabaye mu mwaka uheze.
Itariki 20 z’ uku kwezi kwa mbere niho Shemeza ivuga ko bagiye gushira ahabona ibizoba bigize ayo mahiganwa n’ ingene ayo mahiganwa atunganijwe. Mumyiyerekano imaze kuboneka haba logo (Ikidodo) c’ ayo mahiganwa, agiye kuba, eka n’ ururirimbo ruhayagiza amahiganwa, birerekana ko uno mwaka hariho impunduka nini cane yano mahiganwa.
Shemeza uti rero yoyo, ntita isezerano kiretse abanywanyi bayo bayihemukiye; ariko shemeza ivuga barize neza ko abanywanyi bagiye kuyishigikira kandi n’ abaririmvyi bagiye kwitaba ano mahiganwa bakiyandikisha kubginshi. vyinshi rero tubirindiye bisohoke ayo matariki batanze y’ igenekerezo rya mirongw’ ibiri y’ uku kwezi nyene kwambere.
Tubibutse ko ano mahiganwa ahagarikiwe n’ amashirahamwe cangw’ amakampuni ashika kur’ atanu, akaba ari: “Enzi Films”, Focus Film Production”, “U and I studio”, “SYBU Show”, hamwe na “Umuco Records”.
You must be logged in to post a comment Login