SAA Gospel Awards 2017 – Urutonde rw’ ingene bigiye kumera!
Abagize umurwi ujejwe amahiganwa ya Shemeza Artist Awards 2017 kurubuga rwa facebook bari bamaze imisi bamenyesha ko itariki 20 zuku kwezi ariho amatangazo azotangazwa, hanyuma kandi kurayo matariki nyene niho bamenyesha ko kur’ uno musi wa mungu w’ igenekerezo rya 22 ariho bazoshira amatangazo kumugaragaro. Nuko rero Shemeza yifuza kumenyesha abanywanyi bano mahiganwa kw’ igikorwa catanguye vuba muzobona muzogenda mubona vyinshi bigize ano mahiganwa.
Tugiye kubamenyesha ingene amahiganwa ateguwe!
1. Uno mwaka wa 2017 amahiganwa asa n’ ayatandukanye tugereranije n’ ivyabaye umwaka uheze wa 2016. Shemeza ivuga ko uno mwaka ano mahiganwa bayise Season 1 kuko igiye kuba nka Reality TV Show.
2. Ano mahiganwa agizwe n’ ibice bitatu: Igice cambere abaririmvyi bazokwiyandikisha hama barungike indirimbo zabo bafashe mu buryo bga video bakoreresheje isimu canke Camera (bazobikora muburyo bga acapella), urwo ruririmbo rutegerezwa kuba urwo mukirundi canke mucongereza mugihe uwo muririmvyi ikirundi kimugora. Muri kino gice cambere nyene, videos zabo baririmvyi zizoca zija kuri website ya Shemeza Clouds, kugira abanywanyi bagire amahirwe yo gutora uwo babona ashobora kwinjira mu gice ca kabiri ariyo Episode yambere ya SAA Gospel Awards Season 1. Murabo baririmvyi, hazovamwo batanu bambere baronse amajwi menshi kuriko abandi, abo nibo bazoca binjira mu gice ca kabiri ariyo Episode 1.
3. Mu gice cakabiri, batanu bambere bazoba baronse amahirwe yo kwinjira mu gice ca kabiri (Episode 1), bazokwongera kandi gusabga bakore izindi video bazoshikiriza muri Episode 1. Muri kino gice ca kabiri, ama videos azotorwa n’ umucamanza (judge) Shemeza yacaguye niwe azoca atoramwo batatu bambere, bazoja mu gice ca gatatu ariyo Episode 2 FINALE. Muri kino gice ca kabiri, umucamanza na Team ya Shemeza hamwe n’ umu host w’ ano mahiganwa, bazohurira muri State runaka (Ntiramenyekana muri kano kanya), hanyuma bazofate amashusho muburyo bga video nka Realty TV Show, ukungene umucamanza ahaye acagura batatu bambere bazoja muri FINALE. Umuririmvyi yagize amahirwe kuba muri bamwe batanu ashobora gushikiriza video kandi canke we ubgiye yishikire aho Episode 1 izoba iriko ibere, aririmbe LIVE imbere ya Judge mu gihe azoba afise uburyo bgo kuhashika nihamara kumenyekana.
4. Mu gice cagatatu ariyo EPISODE 2 FINALE, abaririmvyi batatu bazoba bagize amahirwe yo kwemererwa kwinjira muri FINALE, bazohiganirwa LIVE mu giteramo canyuma aho bazoba bariko baririmba LIVE n’ umuziki imbere y’ umucamanza n’ abanyanyi bazoba bahari baje kuraba ico giteramo c’ abo baririmvyi batatu uburyo bahiganwa muri ROCK ISLAND, ILLINOIS, itariki 22 z’ ukwezi kw’ indwi, uno mwaka wa 2017. Umucamanza azoba afise mugenzi we azomufasha muri co gikorwa co guca urubanza kuri FINALE. Ico giteramo nyene ca FINALE, kizoba kiriko kirafatwa amasanamu LIVE nka REALITY TV SHOW. Muri yo FINALE rero hazoba hariko haronderwa uwutsindira ikibanza ca mbere, n’ ica kabiri, hamwe n’ ica gatatu. Abo batatu nibo bazoronka ubushimwe, ubushimwe n’ abgo Shemeza igiye kugaragaza vuba ubgaribgo.
5. Kwiyandikisha kuzotangura itariki 20 z’ ukwezi kwa kabiri gushitsa itariki 5 z’ ukwezi kwa gatatu; ariko Shemeza ivuga ko bashobora kwakira uzokwiyandikisha imbere yaho umwanya wari wo wose mugi he bimukundiye! Iriki zitanu, n’ umusi wanyuma wo kwakira abaririmvyi biyandikisha no gushikiriza ama Video yabo!
Amahiganwa rero amahiganwa ateguye, abyindikisha bose bategerezwa kuba ari abarundi bari muri USA canke Canada kubashoboye gushika muri FINALE izotariki! Vyinshi mugiye kubironka vuba uko bikurikirana hamwe n’ umu Host ahagirikiye ino Season 1 uno mwaka!
You must be logged in to post a comment Login