Burundi: Inama nshingamateka na Nkenguzamateka zimenyesha ko agateka ka zina muntu kifashe neza

By  |  0 Comments

Inama nshingamateka na nkenguzamateka vy’Uburundi zimenyesha ko amahoro n’umutekano mu Burundi biriko biratera imbere, bagereranije n’uko vyari vyifashe kuva mu mwaka wa 2015.

Mw’itangazo ry’inama nshingamateka na nkenguzamateka ryasomwe n’icegera ca kabiri c’umukuru w’inama nshingamateka Jocky Chantal NKURUNZIZA, zimenyesha ko agateka ka zina muntu kifashe neza mu gihugu.

Muri iryo tangazo,inama nshingamateka na nkenguzamateka zimenyesha ko intumwa zitandukanye zagendeye Uburundi zishima ko ibintu bibandanya kuja mu nzira nziza bagereranije nuko vyari vyifashe mu kwezi kwa kane umwaka wa 2015.

Inama nshingamateka na nkenguzamateka bimenyesha ariko ko hari ibikorwa bitagikorwa uko vyategerezwa kubera ata nfashanyo ziva hanze ziza mu gihugu, bagasaba ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya gusubira gutanga infashanyo ku barundi bari mu gihugu, nkuko babikora ku barundi bahungiye mu bihugu bibanyi vy’Uburundi.

 

Share
Profile photo of Mugisha Ivan

Share

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply

error: Copyright reserved by The Shemeza Co. ©2017
Skip to toolbar