Abaririmvyi bagize “Himbaza Collection” bagiriraniye behurutse kugirira ibiganiro kuri RadioTelevision REMA

By  |  0 Comments

Abaririmvyi bakomeye cane kandi baje numuvuto munini, bagize Alubamu Nshasha y’ubumwe kandi bakaba bahwikiriye mumugwi witwa “UBS Gospel (United Burundian Gospel Singers). Bano baririmvyi bari baherutse kugiriranira ibiganiro na Radio Isanganiro (IJUMATANO MSANII & UBURUNDI BURARIRIMBA), None biboneka ko kand bari baherutse kwumvikana kuri Rema FM, aho umumenyesha makuru Deo Nijendahagera AKA “KIVUMBI” ari we yaremesheje ico kiganiro, akaba yananditse bimwebimwe bikuru abo baririmvyi bashikirije murico kiganiro. Soma hepfo ivyo uwo mumenyesha makuru yanditse

Umugwi UBS (United burundian siger )n`umugwi uvutse haraheze iminsi mike ,mugabo uyo mugwi uzanye inguvu zidasanzwe kuko mu minsi mike umaze uvutse uramaze gusohora urukurikirane wise “HIMBAZA COLLECTION “urwo narwo rukaba rugizwe n`indirimbo cumi na zibiri .UBS ugizwe n`abarundi bari mu ma reta atandukanye agize reta zunze ubumwe z`amerika .Mu kiganiro abo baririmvyi bagize kuri radiotelevison REMA bishuye abakunzi b`umuziki b`ibujumbura ko bakira umurindi wese yipfuza kw`ifatanya n`abo mu gihe afise ivyiyumviro ni ntumbero nkiyo bafise.Ikindi abo baririmvyi bavuze bamenyesheje ko mukwezi kwa NZERO (JANVIER) k`umwaka buca dutangura kw`ariho bazoshira k`umugaragaro urwo rukurikirane ,barongeye baramenyesha ko bariko baranitegurira urugendo ruzobashikana m`uburundi mu ntumbero yo kumenyekanisha ibikorwa vyabo.Mukamenya k`uyo mugwi ugizwe n`aba baririmvyi bakurikira:Bukuru celistin ,  Abel  Nkurunziza  ,Seth K. Vyamungu,Witness M. Kabura  , Aline D. Vyuka,   Methusela NZisabila ,    Ntunzwenimana Eliphase 

Kurikirana cane ivyo Kivumbi yanditse kuri http://www.blog.greatlakesmix.com/2012/12/umugwi-united-burundian-gospel-ngo-bakira-abarundi-bose-bipfuza-kwifatikanya-nabo/

Share
Profile photo of Burundian Gospel

Share

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply

error: Copyright reserved by The Shemeza Co. ©2017
Skip to toolbar