Album ya “Himbaza Collection Vol1” na UBS Gospel yashizwe kumugaragaro

By  |  0 Comments

Umugwi mpurikira hamwe umenyekana kw’Izina rya UBS Gospel (United Burundian Gospel Singers) bashize kumugaragaro urukurikirane rwabo rwambere bise “Himbaza Collection Vol1”  Nuko tukaba tumenyesha ko urwo rukurikirane (Album), ushobora kururonka. Umurongozi arongoye uwo mugwi “Seth Kaburungu” Asaba abanywanyi kubihanganira kuko bari baravuze urukurikirane ruzosohoka mumpera zukwambere ariko biboneka urukurikirane rusohotse muntango zukwakabiri; rero nguko imisi itera yegera imbere niko nibintu bihinduka ninaco gituma batashoboye gushitsa nkuko bari baravuze, ariko noneho avuga ngo bahumure kuko alubamu yasohotse ubu bashobora kuyigura.”

Turahaye kaze mwese abanywanyi mwari mufise igishika kinini co kwumviriza ubutumwa murizino ndirimbo zariririmbwe nabaririmvyi bakomeye cane mumuziki w’Imana (Gospel Musics) hano muri Reta Z’unze Ubumwe z’Amerika. Kuwifuza kugura urwo rukurikirane ashobora guhamagara kuri 808-936-3847 “Seth K. Vyamungu”, Canke 540-819-7659 “Bukuru Celestin”, kubaba South Dakota, barondere Aline canke Eliphaz kuri 605-310-0178; kubari Michigan murondere uwitwa Ericson.

Share
Profile photo of Burundian Gospel

Share

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply

error: Copyright reserved by The Shemeza Co. ©2017
Skip to toolbar