Alex Sibomana avuga ko bitari bibereye abana b’Imana kugurisha ama album “Indirmbo”

By  |  0 Comments

Alex Sibomana numwe mubaririmvyi baririmba indirimbo z’Imana atuye mur Richmond, VA kandi akaba no muri bamwe bahawe ingabire zo kwigisha ijambo ry’Imana.

Mubiganiro yariko aragiriranira na Apostle Seth K. Vyamungu, Seth kaburungu avuga ko uno muririmvyi “Alex Sibomana” yavuze ko atari vyiza abaririmvyi barirmbira indirimbo z’Imana. Apostle Seth K. Vyamungu nawe nkuko ari muri bamwe baririmba indirimbo za Gospel, yaciye yifuza kumenya impamvu uwo muririmvyi “Sibomana” adashaka kugurisha  indirimbo z”imana.

Vyari muntumbero yaho Seth Kaburungu yaramubajije aho azosohorera album yiwe bwite. Alex Sibomana aca yishura ko ariko aravyitegurira ariko ntazozidandaza nkuko abandi bakora, azotanga kuri FREE

SETH KABURUNGU: Kuberiki?

ALEX SIBOMANA: Jewe singurisha Ijambo ry’Imana. Ahubwo ndashimira Imana yampaye ijwi ryo kuyiririmbira.

SETH KABURUNGU: None barya bazigurisha bakora icaha?

ALEX SIBOMANA: aho sinoca urubanza ariko nkuko bibiriya ivuga, jewe ubwanje sinshobora kubikora kandi mfise nimpamvu nyinshi.

SETH KABURUNGU:  Duhe izo mpamvu nabandi bumvireho

ALEX SIBOMANA: kwaza urazi ko twahawe ububasha kuri vyose ngaha kwisi

SETH KABURUNGU: yeah ndabizi

ALEX SIBOMANA: Ok rero. MATAYO 10:8, canke IVYAKOZWE N’INTUMWA 20:35

SETH KABURUNGU: Iyo niyo mpamvu utozidandaza?

ALEX SIBOMANA: Kuririmba nabiherewe kubuntu. Ego mugenzi ntamahera ngomba ico ngomba nimigisha, mwene wacu. Amahera nayo ndazi ko nzoyaronka mwizina Rya Yesu.

SETH KABURUNGU: Ariko ukoresha amahera kugira usohoze ururirimbo kandi ukenera nayandi kugira usohoze urundi canke umwuga wawe kugira ubandanye uja imbere. sukuvuga ngo harinyungu umuntu aba akeneye ariko abashaka ibikorwa vyiwe bibandanye bitera intambwe.

ALEX SIBOMANA: Ivyo ndabitahura none ayo mahera uba wayakuye hehe yubwa mbere?

SETH KABURUNGU: Imisi irasa ntingana. Hari igihe umuntu ashobora kuba yaragerageje kugira ashitse iyo migambi ariko yizigiye kuronka ikimufasha kubandanya bivuye muriyo album

ALEX SIBOMANA: Wow bivuye muri album atari album, urumva nihatari. Kweri Seth, sindiko ndabesha, iyo ufise imigenderanire mwiza n’Imana, icaricose cose wokora ukora ico ushaka kandi ivyo narabibonye. Ivyo vyo kugurisha Ijambo ry’Imana ntivyari vyiza kuri twebwe twitwa abana b’Imana. sinovuga vyinshi, akambo kinyigisho yawe umusi umwe wigishije kumurongo (Online) “Udafise mpwemu agutahuza naho nokubwira ibingana gute ntushobora kuntahura.” Kandi naribagiye kukubwira bino” warakoze cane kurubwo butumwa, nagiye kumurongo watanguye ariko naragutahuye kandi narakiriye. Ico mwene data Seth, baza kandi utahura vyinshi. Kandi ntubaze umuntu kuko azokubwira ivyiwe canke usange murahuje ivyiyumviro ariko wibuke, nivyiza cane gose mugihe ubajije Imana canke Mpwemu Yera.

SETH KABURUNGU: Uko n’ukuri kandi ndatengurutse kugushima kwawe. Ariko nabona kwatakibazo birimwo kuko nguwudakora ntakarye niko bibiriya itubwira. Kandi bibiriya irongera kutubarira nti nzobahezagirira muvyo mukora. Biragoye cane gutahura ariko kimwe co nzi mugihe tubikora tutarondera inyungu, inyungu ubwayo irizana. Nukuvuga rero bino bikora tubikora kugira twamamaze agakiza ka Yesu kandi mugihe ataburyo canke umutahe udahari, rimwe na rimwe usanga bigoye. ariko wewe ubona kwari vyiza muriyo nzira bandanya kuko uwariwe wese afise uko yakiriye agakiza, ariko twoye guhinyura abandi kuko buri muntu afise impamvu yiwe ahimbaza Imana.

 

Share
Profile photo of Burundian Gospel

Share

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply

error: Copyright reserved by The Shemeza Co. ©2017
Skip to toolbar