Amen Choir nimwe mumakwaya aririmba neza kandi ngo mugikorane baravyishe biracika
Umuhari “Amen Choir” nimwe mumihari irimba indirimbo z’Imana (Gospel)hano muri Reta zunze ubumwe z’Amerika (USA) batuye muri reta ya IOWA, Ceder Rapids
Mubari mugikorane curwaruka cabaye muri Forth Worth, TX aho n’umurongozi mukuru wa Burundian Gospel “Seth Kaburungu” yariyo, avuga ko vyukuri nawe nyene yashimye ino korare, yaranejerejwe nuko baririmba binatuma agira ishaka ryinshi ryo kugira imigenderanire naryo. Abenshi baribaza bati mbe kuki ino Korare bado batarasohoza umukanda, kandi ngo ikaba yarashimwe nabatari bake mumpingo zitandukanye ngo rero birakwiye ko bagira umukanda, berekane ibikorwa vyabo mumahanga kugira ngo imirimo yabo ibandanye ikiza na benshi, ivyo navyo vyavuzwe nabamwe mubanywanyi bari murico gikorane.
Abanywanyi bakongera kuvuga ko bafise ingabire nziza zamajwi ngo hasasa kubatera ngo samajwi gusa ariko ngo n’ubuhinga bwo kuririmba ngo bari nabwo.
Fidel numwe mubaririmba muruno muhari, ngo ugutera kwiwe biraca bigacika, kandi murico gikorane nyene ngo yahavuye aronse ubushimwe butari buke aho ariko aratera (kugonga) baza bashira amahera mumufuko wiwe. Indirimbo yanyuma baririmvye ninayo yahaye burudani (uburyohe) abanywanyi bose babakristo bari murico gikorane binatuma bashobora kubaha ubwo bushimwe.
Silvana (Uwo mubona imbere) nawe yarumwe mubaririmvyi buwo muhari “Amen Choir” eka nawe mugihe batanze ubushimwe nawe yaratahanye bumwe bumwe muribwo kubw’ugutera (kugonga), yararirimvye kabisa nkuko twabivuze ngo barafise ingabire zo kuririmba haba no mumajwi.
Uno mwigeme mubona imbere (ntaramenyakana Izina) aracari muto cane ariko umwete nubukerebutsi afise mukuririmba, ngo mugikorane yasinze benshi ubwenge basigara baratangara. Kandi ngo sukuririmba gusa aravuza na Piano (Keyboard), bimwe muvyatangaje benshi cane uko Imana yamuhezagiye.
Audace (uwo yambaye iyera nizirabura wumuhungu) nawe numwe mubaririmvyi buwo muhari “Amen Choir” avuza igitari ca Base, akongera kuba umukuru w’urwaruka mw’ishengero basengamwo ryitwa “Good News Church”. Aho yariko atanga ijambo ahanura urwaruka gukorera mubwiza bw’Imana.
You must be logged in to post a comment Login