Bukuru Celestin aririmba kubw’agahinda k’Impanuka yabaye kwisoko y’ibujumbura “Mpore Burundi”

By  |  0 Comments

Umuririmvyi “Bukuru celestin yaraye asohoye ururirimbo kubw’Impanuka yabaye kwisoko y’Ibujumbura, Burundi. Kwishaka rinini twagize, Bukuru Celestin avuga ko: “Vyukuri iyo mpanuka y’isoko gusha i Bujumbura, yaramubabaje cane gose, binatuma nigiye yariko arikodi urwo ruririmbo muri Studio, bimufata umwanya muremure cane kubw’Intuntu n’Umubabaro yarafise mumutima. Avuga ko yagerageje kwihangana ariko ntivyamukundiye kuko vyamubabaje kubona benewabo babarundi bagira impanuka nkiyo. Ariko naho biruko yongera kubwira abarundi kwihangana kuko ntaco turi buhindure, ariko igikwiye tuve hasi duteze imbere igihugu kuko n’icacu kandi tubandanye duhumuriza ababuze ababo n’Ivyabo muriryo Soko.”

Impanuka yabaye mugihugu kw’isoko y’Ibujumbura, yababaje benshi kandi nabarundi bari muburaya baragize umubabaro udasanzwe kubw’igihugu cacu. nkuko umuririmvyi “Bukuru Celestin” avuga; dusaba natwe ko abarundi twihangane cane kandi twongera tunagira umwete wo kwubaka insago zasambutse kubwo guteza imbere igihugu. Iyo umwansi aduhagurukiye, dukwiye natwe kumuhagurukira kugirango tumwereke kwatankomezi adufise ko. Ibisigaye kuko atawumenya vyose, twasaba kuguma muri Yesu no mu Mana, dusenga cane tunasengera igihugu kuko ntawumenya umugambi w’Imana. Twibuke ko Imana kwiruta vyose turonka nivyo tubura. Ivyabaye irabizi kandi irafise numugambi mwiza nitwamara kuyubaha no kuyisenga mukuri.

Share
Profile photo of Burundian Gospel

Share

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply

error: Copyright reserved by The Shemeza Co. ©2017
Skip to toolbar