Bukuru Celestin yaraye arangije ibiteramo bitandatu mumisi ibiri
Umuririmvyi mukunda cane kandi mumenyeye “Bukuru Celestin, aho twari duherutse kugiriranira nawe Interview, tumubaza kuvyerekeye ibitgeramo yariko arakorana numurwi wabanyamerika “Snarky Puppy”; Nuko rero uno muririmvyi yavuze ko ibiteramo yabirangije. Bukuru Celestin yavuze ko vyamuruhije vyukuri kuko kumusi umwe yakora ibiteramo bitatu, mubibanza bitandukanye. Ariko ngwarashima Imana ko yamushoboje agakwiza ubutumwa mumahanga abicishije mumuziki w’Imana, Kandi ngo nkuko vyama, abenshi baranezerewe kumva indirimbo ziwe banongera no kwifuza gushika mugihugu c’Uburundi kugira barabe ibikorwa nkivyo Bukuru Yakoreye murivyo biteramo ngo akaranga kabarundi karabaryoheye cane. Murumva ko rero abarundi tuticaye naho turi mumahanga kandi igihu cacu kibandanya kimenywa na benshi bakanongera no gukunda ibikorwa bikorwa nabarundi. Bukuru Celestin yateye akamo kubaririmvyi bose bari mubihugu vyo hanze ko boshishikara gukwiza umuziki w’Imana, naho hoba hagati mubanyamahanga badashobora kwumva ururirimi rwawe, birafasha cane gose; “Jewe ndakorana ibiteramo vyinshi nabazungu hano muriki gisagara ndimwo, ariko ntanumusi numwe ndishirimwo canke ngo niyumvire kuririmba mururimi rwicongereza, ariko mbandanya kuririmba ururimi rwacu rwikirundi, kugira nabo nyene barwumvireho kandi bamenye akaranga kabarundi. Vyongeyeko vyukuri barashima indirimbo zanje kandi bakanambaza aho igihu giherereye kugira baze bahatembere barabe imico myinshi yikirundi kuko bakunze imico mpaye mbereka” Bukuru Celestin Niko yavuze.
Nkuko mubimenyereye, Bukuru Celestin yarikumwe na Band Yiwe, aho harimwo Jonathan Nywandwi, elvanie (sister), Furaha (sister), na mushiki wa Jonathan (ntituramenya izina ryiwe). abamupigira umuziki nabo numugwi wabanyamerika witwa Snarky Puppy. Fyonda hano urabe ivideo bakoranye kururirimbo rwitwa “Yesu”
You must be logged in to post a comment Login