Burundi Gospel: Alice Niyogakiza at’ igiteramo canje cagenze neza bishimishije.

By  |  0 Comments

Umuririmvyikazi w’ umurundi Alice Niyogakiza aririmba indirimbo zo guhimbaz’ Imana, mubiganiro twagiriraniye kuvyerekey’ igiteraco co gushira ahabona Album yiwe yambere, avuga ko cagenze neza naho hatabura utubazo tumwe tumwe ariko kuri percentage nini, ibintu vyagenze neza.

“Igiteramo canje nagize amateka nukuri, nabonye Imana inkorera ibitangaza. Ndirimvye imyaka myinshi ariko niryambere ndavye ndi kuri scene, ngata ubgenge kubera vyandeze” ayo n’ amajambo ya Alice Niyogakiza.

Tumubajije kuvyerekeye support yoba yararonse kuri Album yiwe, yavuze ko naho atari igitigiri gishimishije c’ abaguze DVD, ariko arabishima uko biri kwose.

“Narwanye intambara nyinshi ninkuru ndende hama arintango ntaco nagaye iman yarahabaye nubwo abangwanya bari benshi kd aribo nari nizeye”. Ayo namajambo Umuririmvyikazi Alice N. yatwishuye aho tumubarije ko hari bimwe bitagenze nkuko bavyiteze kugira ikindi gihe bazovyirinde.

“ndifuza gukora indirimbo cane kuko izi ndirimbo zanje haheze Imyaka ibiri ndazikoze, uburyo nibwo bwangoye kugirango mbandanye kuko mfise izindi nanditse nziza kandi mfise ubutumire itariki ndwi (7) z’ ukwezi kwa gatanu uno mwaka wa 2017 i Nairobi, nashaka rero kuvanga indimi bishobotse integuro yariyo gukora”. Uwo muririmvyi aranavuga kandi ko ubgo butumire azobgitaba azoshika Nairobi; tuzobamenyesha igihe nicagera uko ibikorea vyiwe bizoba vyagenze muri Nairobi.

Share
Profile photo of Burundian Gospel

Share

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply

error: Copyright reserved by The Shemeza Co. ©2017
Skip to toolbar