EMMELANCE EMMY YARAYE ATEYE ITEKA UBURUNDI

By  |  0 Comments

Umviriza muvyo bamuvuzeko Muri Radio Isanganiro nakaririmbo katumye atsinda

Kuruyu wa gatandatu igenekerezo rya 20myandagaro niho abaririmvyi batandatu baduzibendera ry’ UBURUNDI  i NAIROBI mugihugu ca KENYA ,aho bari bagiye mu gice ca nyuma c’ihiganwa ryiswe EAST AFRICA MUSIC  AWARD .Umwe mubagiye muriryo higanwa ariwe EMMELANCE EMMY NIWIZERE  yabwiye GLM  kw’ afise akanyamuneza kenshi kubona yaraye aserukiye igihugu ciwe c’amavukiro agatako akereka ibindi bihugu ko mu BURUNDI baririmba kandi neza .EMMELANCE  yatumenyesheje ko agiye  kwitaho umuziki ujanye n’akaranga k’ UBURUNDI ntumbero yo gutez’imbere akaranga k’igihugu.

Umuririmvyi w`umurundikazi Emelance Emy NIWIZERE yari yaserukiye uburundi muri BENIN mw’ihiganwa SICA kuruyu wa gatandatu igenekerezo rya 24munyonyo 2012 ni yatahukana agashimwe ka Clip video y’indirimbo yiwe :” YAMBOGORERA ” indirimbo yerekanywe ubwambere muriryo higanwa .

Uyo mw’igeme w’umurundikazi akaba yafashijwe gukora iyo clip video yaraye itahukanye agashimwe  na SOCIETE BAGENZI INTERNATIONAL NETWORK ibicishije mu gisata caryo co kumenyekanisha akaranga k’uburundi arico GLM .Emelance mbere yuko afata urugendo agana muri bene yitavye iryo higanwa turi kumwe mu kiganiro JANDAJANDA gica kuri radio REMA FM yabwiye abakunzi biwe n’abumuziki w’uburundi ko yizeye ko azotahukana ako gashimwe .GLMyaregereye abakunzi b’umuziki nabo bayimenyesha ko bashigikiye uyo murundikazi.Mukamenya ko ariko arakora n’izindi ndirimbo arikumwe n’abandi baririmvyi ,ako gashimwe kakaba kagira kabiri nyuma yako yaronkeye i nairobi muri kenya aho nahonyene yari yitavye ihiganwa ryari ryataziriwe EAST AFRICA MUSIC AWARD hari mu mwaka wi 2011.Uno munsi igihe c`isaha zine zo mugatondo ku masaha yo ngaha i bujumbura niho uyo murundikazi aherutse gutera iteka igihugu cacu yatahuka .

 

Share
Profile photo of Burundian Gospel

Share

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply

error: Copyright reserved by The Shemeza Co. ©2017
Skip to toolbar