Kabura K. Erickson yimirije gusohoza alubamu Nshasha yise “AMUWA”
Kabura k. (babukay) Erickson Numwe mubaririmvyi bariko bazanana ninguvu nyinshi cane, uno muririmvyi akaba yimirije gusohoza ulubamu yiwe yambere yise “AMUWA (HITAMWO)”.
Erickson Kabura arubatse kandi akaba ari umuririmvyi aririmba indirimbo z’Imana (Gospel) asenga mwikanisa rya PENTECOSTAL FELLOWSHIP OF THE HOLY SPIRIT CHURCH.
Tubamenyeshe kandi kuno muririmvyi Ericson Kabura yashoboye guhura na Apostle Seth Kaburungu bahuriye mugisagara ca San Antonio, TX aho yari yaragiriye urugendo rwiwe. Seth kaburungu avuga ko bayaze vyinshi kuvyerekeye uburirimvyi kandi agashigna intahe ko kweri uno muririmvyi azananye ninguvu muri bino bikorwa, ati nta menshi yovuga ariko ngo muzovyibonera.
Inkuru nyinshi zuno muririmvyi tugiye kuzibaronderera, mugume hafi y’urubuga rwanyu rwa BURUNDIAN GOSPEL
I cover ya CD yiwe uko iri. tubibutse ko ino CD itarasohoka ariko yimirije kuja kumugaragaro bidatevye mumisi irimbere.
You must be logged in to post a comment Login