Ezekiel Kwizera numwe mubavuza piano babarundi akomeye cane hano USA

By  |  0 Comments

Picture Taken by Seth Kaburungu (Afro Shemeza Studios), Sioux Falls, South Dakota 

Ezekiel Kwizera numwe mubacuraranzi ba Piano babarundi acuraranga neza atuye muri Sioux Falls, SD “USA”. Uno musore akunze kenshi guhamagarwa cane nko muzindi states kugira abancurarangire imiziki. Tubamenyeshe kandi kuno musore ariwe acurarangira umuririmvyikazi ALINE VYUKA indirimbo ziwe. Aline Vyuka arashima cane gose imigenderanire yuno musore nawe iri hafi mukumucurarangira imiziki; Aline avuga ko atari yose amucurarangira ariko nka nyinshi niwe azicuraranga.

Murugendo Seth Kaburungu yagize rwo muri South Dakota, yarashoboye guhura nuno musore, baraganira vyinshi kuburyo na Seth Kaburungu yahavuye amusaba gukora indirimbo zibiri, imwe ya ZOUK, iyindi ya LUMBA; bose bahuye ari abacuraranzi basa ariko Seth Kaburungu akavuga ko buri muntu afise ico yisangije mungabire ziwe, harico mba ndusha uwundi, nuwundi akagira ico andusha;”

Ezikiel Kwizera kandi aririmba mwishengero rirongowe na se (unknown name yet), akavuga ko gucuraranga ari ikintu yiyumva mumaraso cane gose. Akaba kandi hari indirimbo zimwe zimwe yashoboye kuririmba muri Album ya Aline vyuka.

 

 

Share
Profile photo of Burundian Gospel

Share

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply

error: Copyright reserved by The Shemeza Co. ©2017
Skip to toolbar