Ingoro yumugambawe MSD iBururi yaraturiwe

By  |  0 Comments

MSD2

Ingoro y’Umugambwe MSD iBururi yaturiwe kuruyu wagatanu uheze igenekerezo rya 28 Ruhuhuma, 2014. Abagize umugambwe MSD bakikeka ko ari imbonerakure zumugambwe uri kubutegetsi CNDD-FDD kwaribo boba baturiye ingoro yabo; ariko ntacemezo bafise kandi ngo bahaye batohoza mpaka bamenye uwakoze ico cago co guturira iyo Ngoro ya MSD. abaturiye ingoro amatohoza yekerekana ko bakoresheje igitoro ca esanse kandi ngo baciye bahasiga umusaraba biboneka ko bawukuye mwitongo ryabapfuye. Uwurongoye umugambwe muri zone ya GATETE, avuga kwamatohoza yobandanya kugirango abo bantu bafatwe. kandi ngo muvyaturiwe muriyo Ngoro ngo harimwo ibitabo vyindanga mutima wuwo mugambwe MSD, nimpapuro bariko batanga kubanywanyi bashasha buwo mugambwe.

Abagize ururani ADC Ikibiri barasaba reta guhagarika no gukurikirana itotezwa rihagaze hagati yabatavuga rumwe nuugambwe uri kubutegetsi kuko buri mugambwe wese ufise uburenganzira bwo kuja kukibuga ca Politike. Ngwibigenda bikorwa sivyerekana amahoro nagato kanatsida bishobora gukwenga ingorane zidasanzwe.

Burundian Gospel Entertainment dusaba ko igihugu nabanyagihugu gusengera igihugu cacu kandi nabari mumigambwe gushobora kwumvikana niyindi migambwe bagashira hamwe, kuko zino nryane zibandanije zishobora kuzana intambara mugihugu eka nintambara yubwoko ntakabuza ko itogaruka. Twubahirize gateka kazina muntu wese wumurundi, tumenye ko twese dufise uburengazira bungana!

Share
Profile photo of Burundian Gospel

Share

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply

error: Copyright reserved by The Shemeza Co. ©2017
Skip to toolbar