Interview “Ibiganiro” with Emy Smith by Seth kaburungu [Burundi Gospel]

By  |  0 Comments

Emy Smith numwe mubaririmvyi baririmba indirimbo za guhimbaza no gutazira Imana (Gospel Music), atuye Ibujumbura, Burundi. Aramaze gusohora ama clip Video atari make, ayiwe nayandi afatanije nabandandi. Emy, yarashoboye kugiranira ibiganiro (Interview) na Seth kaburungu  kwiterambere ry’umuziki wiwe nintambuko agezemwo.

  • Seth Kaburungu

    Watanguye uburirimvyi ryari, vyakujemwo gute?

  • Emy Smith

    Natanguye ivyo kuririmba kuva nkiri muto cane mfise imyaka 5 gusa aho naririmba muri chorale y’abana mw’ishengreo rya Assemblies of God.

  •  Seth Kaburungu

    Uvuye aho waciye uza kuri level iyahe?

  • Emy Smith

    Nashishikaye umwuga wo kuririmba, hama Uhoraho nawe arankomeza, turasohora indirimbo zo gutazira no guhimbaza Imana kugeza na none, turacabandanya hamwe n’Imana uko ibandanya ibidushoboza

  •  Seth Kaburungu

    Uramaze gusohoza urukurikirane (album) rwawe urumwe?

  •  Emy Smith

    Oyaha, ariko nkuko nabivuze Imana idushoboje tuzobikora

  • Seth Kaburungu

    Wifuza gushika kwiyihe ntambwe yuburirimvyi?

  • Emy Smith

    Intambwe nipfuza gushikako y’uburirimvyi, Ica mbere harimwo kuvuga ubutumwa abantu bakihana nkuko Ijambo ry’Imana ribivuga muri Marc 16:15 ngo GENDA MUHINDURE AMAHANGA YOSE KUBA ABIGISHWA BANJE, Rero jewe nzobuvuga biciye mu ndirimbo no mu jwi Uhoraho yampaye, Ica kabiri, kumenyekanisha igihugu canje mu makungu kuko umucuraranzi niwe aba atwaye ibendera ry’igihugu?

  • Seth Kaburungu

    Uravye kurugero ugezemwo, ubona ikurikirana canke ifise ico iterera mwiterambere ry’abaririmvyi?

  • Emy Smith

    Ego.

  • Seth Kaburungu

    Woba umaze gushika hanze yigihugu kuririmba canke muyindi mirimo yusanzwe mukora?

  • Emy Smith

    Ego, twaratewe iteka n’Uhoraho ryo kuja muri Kenya muri Concert na Fortrna , turamaze kandi nogurerayo ibikorwa vy’Imana biciye mw’Imvugabutumwa murico gihugu nyene

  • Seth Kaburungu

    Ubona gukoresha concert aricoroshe? Bitwara iki? Canke habonekayo inyungu nyabaki?

  • Emy Smith

    Mu murimo w’Imana ntacoroshe na kimwe kibaho, bisaba ubwitange budasanzwe, Hama bisaba uburyo muga na cane cane ubwitange, Inyungu irimwo nuko Imitima y’abantu ifashwa

    Tubibutse kandi kuno muririmvyi akomeza imirimo yiwe, tuzobandanya tubamenyesha aho ibikorwa vyiwe bigeze
Share
Profile photo of Burundian Gospel

Share

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply

error: Copyright reserved by The Shemeza Co. ©2017
Skip to toolbar