Interview with Didas Nivyayo about the New CD Album “TWISUZUME”
Umuhari (Choir) umenyekana kwizina rya HOPE CHOIR uri muri Dallas, Texas uherutse gusohora umukanda w’iradio (Audio CD) bakavuga kuno mukanda uzoja kumugaragaro itariki 28 zuk kwezi kwagatandatu, muruno mwaka nyene wi 2013 (June 28, 2013). Ino kwaya ikaba igizwe naba bantu bakurikira: Didas Nivyayo, Esther Vyizigiro, Orestine Nishimwe, Angelique Irakoze, Agnes Uwimana, Jeanine Niragira
BurundianGospel Entertainment twashoboye kuganira numwe mubagize uwo muhari “Didas Nivyayo” kutubwira vyinshi vyiyo Album nuwo muhari.
BurundianGospel: Umuhari wanyu watanguye gute? naho hari ryari?
Didas Nivyayo: Twari mumugwi witwa DAY CHOIR, hama amashengero amaze kwigabura tubona kwari vyiza twebwe kubandanya kuko nivyo bikorwa twahamagariwe, bamwe baraheba burundu abandi baja muyandi mashengero ariko twebwe duca tugira icemezo co kubandanya uwo muhari ariko twaciye tuwita irindi zina ariryo “HOPE CHOIR” umuhari watanguye neza na neza mukwezi kw’umunani mu mwaka wi 2011 (August 2011).
BurundianGospel: Mwifuza gushika kuki, mumigambi, canke mwiterambere?
Didas Nivyayo: dushaka gusohoza indirimbo biciye mubuhinga bwa none bwo kurikodi haba amajwi na cinema (Videos), kandi tukaba tunifuza gushika kumugambi wo gukina amasanamu y’Imana (Christianity movies) n’Imana yabidushobozamwo. kandi twifuza kwuguruza ishirahamwe ry’urudandazwa, nivyo gufasha abatishoboye mururimi rw’icongereza, eka muri vyinshi ntashimye kuvugira hano ariko nivyaja kumugaragaro tuzobibamenyesha.
BurundianGospel: None nkuwushaka kwinjira mumuhari wanyu, mumubwira iki canke niki akwiye kumenya mufise gitandukanye niyindi mihari canke cotuma yifuza kwinjira mu muhari wanyu.
Didas Nivyayo: Biragoye kumenya ngo umuhari woba urusha iki iyindi mihari kuko kenshi na kenshi usanga duhuriye kumugambi wo gusohoza imikanda haba CD canke DVD, ariko kimwe novuga, twebwe turiko turakora uburyo bwose tugira Studio kandi twaranabitanguye ubu turafise ibikoresho bitari bike, kandi nkuko nababwiye dufise nuwo mugambi wo gushinga ishirahamwe. Kandi ndashima kabisa abaririmvyi turirimbana ukuntu baririmba barafise umwete muri kino gikorwa kandi novuga ko babifitiye ingabire.
BurundianGospel: Ko Tumenyeye mukwaya menshi usanga arabantu benshi ariko mwebwe tubona muri nka 6, vyoba ari kuki?
Didas Nivyayo: nkuko nabivuze ubwambere, ishengero rimaze kwigabura, bamwe baciye baheba abandi barasigara abandi bagenda mubindi bisagara canke muzindi reta, natwe dusigara turabo.
BurundianGospel: None mufonda gute mu muhari wanyu, canke ninde akunze gufonda akenshi namba ahari?
Didas Nivyayo: Icambere twebwe dufondera kumuziki, rero tubanza tugafonda umuziki hama dukorana hamwe nabaririmvyo bose, hakavamwo umwe akazana iciyumviro ciwe c’ubutumwa (Message) bwiyo ndirimbo, inyuma yivyo dugaca turondera amajwi ukuntu twoyiririmba.
BurundianGospel: Abanywanyi biteze iki muri Album yanyu mwasohoye mwise “TWISUZUME”?
Didas Nivyayo: ubwambere mbaje kubashimira kuburyo batwitayeho mukuturemesha uko tungana kwose, na nibo baduhaye inguvu zo kubandanya kuko muvyiyumviro vyacu habuze gato tubivewo kuko twari bake cane. Hama kuvyo biteze novuga ko bogerageza bakumviriza ubutumwa (message) buri murizo ndirimbo kuko izo ndirimbo zahezagiwe nabakoze benshi kanatsinda ino Album yarakorewe amasengesho menshi kugirango isohoke, mumigambi yuko twifuza ko izoremesha benshi, ikongera ikigisha benshi bagahinduka biciye murino CD. Nuko rero ndazi neza ko uwuzoyigura wese atazobura guehezagigwa biciye muri CD.
BurundianGospel: uteye iki akamo kurabo banywanyi canke kuwariwe wese yifuza kugura ino Album?
Didas Nivyayo: Ndasaba cane gose ko bogerageza bakagura ama CD yacu kandi bakagura original. hari ingeso zimwe zimwe abantu benshi tumunyeye yo kugira copy, vyukuri birababaza abaririmvyi cane, canke abakina inkino zimico, kuko birazana uruhombo cane. ugasanga maze kudandaza ama CD 50 ariko ugasanga izo cumi zakwiye isi yose. Rero ivyo bintu biraduca intege cane gose kuko tuba twiteze gutera intambwe ariko ivyo navyo bikaduca umutima, bitwereka ko atakamaro ibintu vyacu dukora. Numutaji twokoresheje mugusohora iyindi ugasanga turawubuze kuko ariho twari tuwiteze.
BurundianGospel: Udusezeje akajambo akahe?
Didas nivyayo: Ndabashimiye cane kukigoro kanyu, muburyo mudufasha gutangaza bino bikorwa vyacu, twizere nabandi ko mubagirira. Hama kandi ndasaba ko abanywanyi mudusengera cane kugira ibikorwa bibandanye bija imbere, numurwi ushishikare wiyongera. Murakoze Imana ibahezagire!!!!
Uwushaka ino CD wese ahamagare kurizi namba zikurikira 469-531-4668 canke ubandikire kuri hopechoir7@gmail.com
You must be logged in to post a comment Login