New Album “Usikate Tamaa” from Witness M. Kabura
“Fyonda kwipica kugira ugure CD yiwe, canke uhamagare kuri 210-291-4952”
Umuririmvyi aririmba akongera Ahimbaza Imana muburyo bw’Indirimbo, yitwa “Witness M. Kabura” yasohoye Ablum yiwe yambere mukwezi kwagatanu umwaka wi 2012, aho hari inyuma yuko yahuye nimpanuka mbi y’Imodoka yabaye kwigenekerezo rya 18 Ruheshi, umwaka wi 2011. Iyo Album yaciye ayita “USIKATE TAMAA” (Bisigura ntiwihebure) kandi numuririmvyi akomeye kandi amaze gukora ivyo abenshi batarashitsa! Fyonda kwipica kugira ushobore kugura album yiwe, kandi niwabikora uzohezagigwa kuko bino bikorwa dukora nibikorwa vyasengewe kandi bifise ikiganzac’Imana.
Umwe mubagize BURUNDIAN GOSPEL Entertainment “Seth Vyamungu” yashoboye kuganira nawe (Witness M. Kabura) kwisimu, ico uwo mwigeme wacu yamubwiye muvyo baganiye nikuvuga ko kandi yas0hozanye nikwaya aririmbamwo iyo Album ikaba igenda kwizina rya “TUVUMILIE” canke “VUMILIA”
Uwo mwigime n’Umurundi kandi atarubaka, atuye mugisagara ca San Antonio, Texas mwishengero rirongowe numu Pastor yitwa AMONI kandi akaba ari numuvyeyi wuno Muririmvyi wacu!
Ico abagize BURUNDIAN GOSPEL baciye biyumvira inyuma yuko twumvise iyo nkuru yuno mwigeme nukuntu vyukuri mnwitegereje kandi kubamaze kugura ino CD mwumvirije indirimbo ziwe ziraryoheye kwumva kandi sino kuryohera gusa zirigisha. Tugerageze abarundi duteze imbere igikorwa c’Imana mukuza turagura ama CD na DVD yabaririmvyi baririmbira Imana kugira ngo igikorwa c”imana gitere imbere. Ninaco gituma twabonye gushiraho ino Shirahamwe “BURUNDIAN GOSPEL” kugirango dushobore kumenyekanisha igikorwa c’Imana. Akenshi birababaje cane kubona twebwe abakristo dufise canke twumviriza no kuraba ivyisi, nimba ari imiziki canke ama movie, nico usanga twihutiye kandi tugatako no kugura tukabigura. Ariko iyo bene wacu bakoze igikorwa kanaka kandi gihimbaza Imana, kumenyekanisha Izina rya Yesu no kurishira hejuru, vyukuri ugasanga biratugoye kugura canke kubafasha. Nuko rero kino nigihe cacu twijukire kugirango duteze igikorwa c’Imana imbere. ntuze witwaze ngo nta Entertainment iri muvyimana, kandi zihari, canke ngo ntabaririmvyi bariho kandi bahari. Barundi twijukire tuve ikuzimu tuje ibuntu, dutangure gukorera Imana kandi wibuke ko kugura CD canke DVD ari igikorwa!
Inkuru Nyishi zuno mwigeme turacazikurikirana murahawe kaze kwama mudutembera, mumisi muzozibona.
Jana
October 31, 2012 at 7:36 AM
There are actually a whole lot of details like that to take into consideration. That may be a nice level to convey up. I provide the ideas above as normal inspiration however clearly there are questions like the one you convey up the place an important thing will be working in sincere good faith. I don?t know if best practices have emerged around issues like that, but I am positive that your job is clearly identified as a fair game. Each boys and girls really feel the impression of only a moment’s pleasure, for the rest of their lives.
Rina Devillez
December 1, 2012 at 3:43 AM
Hello, how are you? I hope you do well. I wanted to say that I like New Album “Usikate Tamaa” from Witness M. Kabura | Burundian Gospel.