Umuririmvyi “Bukuru Celestin” yimirije gukorana ibiteramo nabaririmvyi babanyamerika

By  |  0 Comments

Umuririmvyi (Burundian Gospel Artist) rurangiranwa “Bukuru Celestin” yimirije gukorana ibiteramo n’umurwi wabaririmvyi wabanyamerika witwa “Snarky Puppy” uva muri New York. Ivyo biteramo bizotangura itariki 13 gushitsa 14 zukwezi kwicumi na kabiri, muruno mwaka nyene turimwo wi 2012. Kandi Bukuru Celestin avuga ko kumusi azoririmba mubiteramo bitatu, urumva azokorera mubiterano bi 6 mu misi ibiri; ivyo bibanza navyo akaba ari “Middle School, Elementary School, Public Library, Roanoke Music Hall, State Park, hamwe na Jefferson Center). Murumva ko uno muririmvyi azokora akazi kanini, Tumusabira Imana ize imuje imbere.  Abanywanyi mwese murahawe kaze kwirabira amarorerwa azokorwa yuwo muririmvyi wacu hama nuwo murwi wabanyamerika (Snarky Puppy). Igiterano kizobera muri Roanoke, Virginia nkuko vyama. Bukuru Celestin numuririmvyi w’umurundi amaze gutanga historia mugisagara arimwo kubiteramo yama akorana nimigwi yabaririmvyi bavuye mumpingo zitandukanye. Nuko Kubanywanyi mwese muba muri Roanoke mwama mumubona ku ma News paper nka (Roanoke Times, Jefferson Center, Etc).

Bukuru avuga ko yiteguriye ico giteramo kandi azonezezwa cane kubona abarundi bagenzi we nibamushigikira nkuko atagenda gusa nka Bukuru Celestin ariko agenda nk’Umurundi aserukiye igihugu c’uburundi nabarundi bose kugirango ibihugu vyamahanga bimenye ingabire nubuhinga abarundi twahawe! Tubibutse ibiteramo bitangura Itariki 13 gushitsa 14 muruku kwezi kwa cumi nakabiri, umwaka 2012. MWESE MURAHAWE KAZE!!!!!!! Tuzogerageza inyuma y’Igiterano Bukuru Celestin azotwiganire uko vyagenze!

Share
Profile photo of Burundian Gospel

Share

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply

error: Copyright reserved by The Shemeza Co. ©2017
Skip to toolbar